Imirongo ya internet n’iya telefone yahagaze kuri uyu wa gatanu mu ntara ya Tigray, mu buraruko bwa Ethiopia, inyuma y’uko intambara isubiriye hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanyi ba Tigray, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribivuga.

Iyo ni yo ntambara ikomeye kurusha izindi zabaye kuva intambara yo hagati ya 2020 na 2022 irangiye.
Abantu bane bazi uko ibintu vyagenze, harimwo uwuserukira igihugu ciwe muri Ethiopia, babwiye Reuters ko umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray wategetse amashirahamwe Safaricom na Ethio telecom guhagarika telefone na internet muri iyo ntara.
Umwe muri bo yavuze ko iyo ngingo ishobora kuba yafashwe kugira igisirikare ca reta ntigikoreshe umuhora wa telefone mu kurungika indege zitajamwo abadereva ku rugamba.
TPLF ntiyishuye ibibazo Reuters yayibajije. Ariko umuntu ayegereye, atashatse ko izina ryiwe ritangazwa, yahakanye ko ari yo yahagaritse iyo mihora, avyagiriza reta ya Ethiopia.

Abamenyeshamakuru ba Reuters bavuga ko guhamagara n’ubutumwa barungikiye abakoresha Ethio telecom bitashitse. Abakoresha Safaricom na bo baronka umuhora mu bice bimwe bimwe.
NetBlocks, ishirahamwe rikurikirana uko internet ikora kw’isi, ryemeje ko umuhora wahungabanye muri Tigray.
Abanyagihugu bavuga ko Ethio telecom yahagaze ku wa kane mw’ijoro, bituma badashobora kurungika no kwakira amafaranga kuri telefone.
Ibi vyateye ubwoba ko Tigray yosubira mu bihe yabayemwo mu ntambara ya 2020-2022, igihe imihora yo guhanahana amakuru yahagarikwa, ibifungurwa, amafaranga n’imiti bikabura. Iyo ntambara yahitanye abantu ibihumbi amajana.
Inrwano y’iyi ndwi yatumye abantu birukira kugura ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa no gukura amafaranga muri banki.

Abarwanyi ba Tigray n’ababafasha barigaruriye ibibuga vy’indege bitatu, bongera bagaba ibitero ku gisirikare ca reta muri Afar na Amhara. Bavuga ko bariko barirwanira ku bitero vya reta y’umushikiranganji wa mbere mbere Abiy Ahmed.
ONU n’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya basavye impande zose kwirinda ivyunyura ibintu no gusubira mu biganiro vy’amahoro vyahagarikiwe n’ubumwe bwa Africa.
@REBERO.RW
